Désespérés ,les chrétiens catholique Burundais préfèrent se confier à la Vierge Marie.

Beaucoup de chrétiens catholiques de la ville de Bujumbura se confient à la Vierge Marie ces derniers temps suite au climat d’insécurité qui règne dans le pays.La plus part ne voie à quel sain se vouer.Ils font recours à la vierge Marie dans les églises.Dans une prière du prêtre Joseph Kentenich fondateur du mouvement Schonnestat. Cette prière a été dite en 1945 pendant la deuxième guerre mondiale.
Voici la prière qu’ils récitent en langue nationale.
IGISABISHO MU BIHE VY’AMAKUBA
Bikira Mariya Mawe, nutwakire uturinde mu mutamana wawe, kugira ngo igihe cose tubeho nk’abatoranye ijuru. Muri aya makuba yatwugarije, ni wewe dutakambira : turinde inzara, intambara n’ubukene.
Tubwirire Yezu Umwana wawe nka ca gihe, aho yari akiri kw’isi akagenda atabara mu makuba no mu madidane uti : Mukama ntibakigira ico banywa n’ico bafungura. Turabizi neza azotwumvira.
Yaragutoye nka Eva wa kabiri : turagusavye ngo ukize ico Eva wa mbere yatakaje ; aho we yadukwegeye mu gaheza, muri wewe hamuka imigende y’urukiza rw’imyaka yose.
Kubw’imigambi yuzuye urukundo n’ubwitonzi bwa Data, iyi si irizigiye ko naho iri mu kabande k’amarira hazoseruka izuba ry’umwakaka w’ihinduka, maze isayangane agahimbare ko mw’ijuru.
Mu bumwe kumwe n’umwana wawe, urashobora kudusubiza ubuzima bw’inema twari twataye, urashobora kudukingira mu makuba menshi y’isi, ukayaturemurura maze ukayahinduramwo urukiza rwacu.
Uyu musi Umushaha wawe w’umuvyeyi ni wigaragaze mu rukundo aho hose ububasha bw’amashetani bwibonekeza mu gukoresha igikenye ;
Wewe wagizwe Umugendanyi n’umufasha w’Umukama, nuserure ububasha n’ubuntu bwawe gushika ku rugero rukuru.
Nk’uko Umwana wawe yabigenza akiri kw’isi, yahembura abashonje, agahoza akongera agakiza abarwaye, n’ubu nyene nuze kumwe na We mu mibano yacu, ugende urahezagira mu gacerere, maze udutabaze ububasha bw’ukuboko kwawe kw’Umuvyeyi
Niwiyerekane kw’isi yose nk’ikimenyetso c’igitangaza, cigiza kure amayeri ya Shetani n’amakuba y’iyi si. Gira ko abantu baronka iwawe ubuhungiro n’inkinzo, baheze bagutangaze mu kanyamuneza nk’umukandizi w’urukiza.
Erega amakuba n’amaganya yacu yabaye menshi ku rugero ruturengeye gushika aho twumva ko utadufashije dutegerezwa kuhagwa. Ni wewe musa ushobora kudukiza ukadukura aho twatakariye. Nyaruka urabe ingene tugukikuje tugutakambira.
Kumwe n’Umwana wawe, nutubere uwutubohora ubukare bw’umuriro hamwe n’amayoberane y’ibi bihe turimwo, natwe ahacu mu gukenguruka, twipfuza kwama tugushemeza imyaka yose, nk’Umuvyeyi ahambaye w’abantu.
Dushaka gukwiza hose izina ryawe dushirutse umwete, twerekeze abantu bose mu gasengero iwawe, kugira ngo buzuye akanyamuneza n’urukundo, kw’isi no mw’ijuru baninahaze kumwe na we, Ubutatu bweranda.
Amen.

Patiri Yozefu Kentenich, 12-13/11/1945


Publié le 2 / 07 / 2015 par

Vos Commentaires

Donnez votre commentaire sur cet article!

Attention : votre commentaire n'apparaîtra qu'après avoir été validée par un l'équipe éditoriale de Bonesha FM.

Votre Nom
Votre Email
Votre Commentaire