Uburundi bwabuze umwe muba nye politike yahora yitaho iterambere ry’igihugu.

Colonel Epitace Bayaganakandi yitavye imana kuruyu wa gatanu igenekerezo rya 24 mukakaro 2015 ahitanwe n’ingwara y’umutima. Colonel Bayaganakandi Epitace yari yavukiye mu komine Nyabihanga mu Mbogora muri province Mwaro kw’ igenekerezo rya 31 ntwarante 1956. Yize amashure mato mato mu Mbogora ayabandaniriza kwi seminari y’i Mugera aho yayarangirije kw’ishure ryisumbuye Notre Dame ry’i Gitega. Kwi genekerezo rya 29 Myandagaro 1975 colonel Bayaganakandi Epitace niho yatangura ishur kaminuza ry’igisirikare aho yaronse urupapuro rw’umutsindo mu 1980.
Yarabandanije ibikorwa vya gisirikare gushika aho mu mwaka wa 1993, inyuma yamatora y’umukuru y’umukuru w’igihugu Melchiore Ndadaye, yaciye amugena kuba umukuru w’ibiro bikuru vyiki jandarume( chef d’état major de la gendarmerie).
Mu mwaka 1994 ku ntwaro ya Cyprieno Ntaryamira , Colonel Bayaganakandi yaragenywe kurongora igi polisi cibirere n’imbibe PAFE. Mu 1996 presida Pierre Buyoya yaramugenye kuba umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu gushika mu 1998 aho yagenywe kuba umushikiranganji wo gutara abantu n’ibintu no gutamatumanako amakuru.
Mu mwaka wi 2000, colonel Bayaganakandi, yaragize uruhara ntangere mumasezerano y’amahoro y’i Arusha. Mu mwaka 2002 amaze gukukuruka yaciye ashinga umugambwe MRC RURENZANGEMERO umugambwe ufise akarangamutima ko guteza imbere igihugu uburimyi hamwe n’indero ;mu matora yo mu 2005 colonel Bayaganakandi yaratowe kuba umushingamateka.
Iruhande yibikorwa vya politike, colonel Bayaganakandi yarafashije mw’iterambere ry’uburimyi, yarashinze ihinguriro ry’icayi PROTHEM,yarakwiragije igitegwa STEVIA gihingugwamwo isukari.
Colonel yitavye imana afise imyaka 59 asize umukenyezi n’abana 2. Muvyo yakunda yakunda cane ibijanye no kwinonora imitsi. Imana imwakire mu bwami bwayo.


Publié le 24 / 07 / 2015 par

Vos Commentaires

Donnez votre commentaire sur cet article!

Attention : votre commentaire n'apparaîtra qu'après avoir été validée par un l'équipe éditoriale de Bonesha FM.

Votre Nom
Votre Email
Votre Commentaire