Umurwi Vitalo Fc waratsindiye igikombe igira gatatu muruyu mwaka kuruyu wagatandatu italike 25 Mukakaro

Umurwi Vitalo fc wakinye na Athlético Olympic kuruyu wagatandatu murukino rwo kurangiza kumugaragaro ihiganwa Primus Ligue 2015 .
Urwo rukino rwarorerewe nabantu isaha icenda kuri stade Prince Louis Rwagasore isinzi rwaranzwe nubukerebutsi ubumenyi ninguvu kumpande zose canecane Mumurwi Vitalo FC.
Umurwi Vitalo waronse igitsindo igice cambere kigomba gihere cinjijwe na Mussa Mossi Hadji kumupira mwiza yahawe na Laudit Mavugo.
Mugice cakabiri Vitalo yararonse igitsindo cakabiri ca Laudit Mavugo kumupira mwiza yahawe na shabani chabalala nayo urukino ruri mukurangira Shabani Chabalala nyene nawe atsindira Vitalo icagatatu urukino ruca rungira kuntsinzi ya Vitalo bitatu kuri kimwe.
Umurwi vitalo waciye uronswa igikombe nimidari kuriyo ntsinzi ciyongera kuco baronse batsindiye ihiganwa Primus ligue ryuno mwaka hamwe nicihiganwa ryigikombe cumukuru wigihugu gurtyo bakwiza ibikombe bitatu itwaye muruno mwaka turimwo, Ihabwa nibahasha ryimiliyoni indwi.
Nimirwi ikurikira kugera kuwugira kane barahawe udushimwe cokimwe niyo mucicaro cakabiri.
Abarongozi nabamenyereza ba Vitalo bavuga ko banezerezwa nico bashitseko muruno mwaka ngo bazorushirizaho inguvu.
Mururwo rukino harabonetse Gilbert Kanyenkore batazira Yaoundé naho yaheruka kubura murumunawe.


Publié le 27 / 07 / 2015 par

Vos Commentaires

Donnez votre commentaire sur cet article!

Attention : votre commentaire n'apparaîtra qu'après avoir été validée par un l'équipe éditoriale de Bonesha FM.

Votre Nom
Votre Email
Votre Commentaire